Kirundi

Anti-Discrimination NSW (Kurwanya Ivangura NSW)

Turi igisata ca Leta ya New South Wales kigenga Anti-Discrimination Act 1977  (The Act) Itegeko ryo 1977 rirwanya ivangura (Itegeko). Dutanga ibikorwa ku buntu kandi tugerageza gukumira ivangura muri New South Wales kuburyo bukurikira: 

  • Kwishura ibibazo 
  • Gusubiza hamwe abidoga
  • Gushishikariza abantu kubijanye n’ivangura n’ingaruka zaryo
  • Gucunga gusigurirwa amategeko kugira ntihabe gutoneshwa kw’imigwi imwe imwe kugira habe ububasha mu kuronka akazi, programme canke ibindi bikoresho
  • Guhanura Leta kuvyerekeye ingorane z’ivangura.

Ivangura n’iki?

Ivangura ni igihe umuntu afatwa nabi arengana kuberako afise canke akekwako afise akaranga gakingiwe n’itegeko rya New South Wales.

Utwo turanga ni:

  • Ubumuga (bushizemwo indwara)
  • Igitsina (gishizemwo imbanyi n’ukwonsa)
  • Ibara ry’urukoba
  • Imyaka umuntu afise
  • Nimba umuntu yubatse canke atubatse
  • Kuryamana n’uwo muhuje igitsina
  • Kuba umuntu asa n’abagabo mugabo afise igitsina gore canke asa n’abagore mugabo afise igitsina gabo
  • Amabanga y’ukwitwararika abandi.

Ivangura ritandukanye n’itegeko ahantu hamwe na hamwe hari abantu benshi. Aho hantu ni:

  • mukazi
  • aho bigira
  • aho bandandariza ibishorwa canke ibikorwa
  • aho batanga uburaro
  • mu butambiro.

Ivangura ry’amabanga y’uwitwararika abandi ritandukanye n’amategeko kukazi gusa.

Ihohoterwa rifatiye ku gitsina

Biratandukanye n’amategeko guhohotera umuntu mu buryo bw’igitsina. Ihohoterwa rifatiye kugitsina ni inyifato itemewe ifise akaranga k’igitsina ituma umuntu yumva ababaye, asuzuguritse canke atewe ubwoba.

Ibibishizemwo:

  • kwifata nk’umuntu arondera ibijanye n’ibitsina
  • Gusaba ubutoni bw’ibitsina
  • Ibimenyetso vyerekana ko urondera igitsina, inkuru zijanye n’ibitsina canke ivyiyumviro bivuzwe mu majambo yerekeye ibitsina.

Gutukana

Gutukana ni igikorwa kibera kumugaragaro gishobora guhembera kugira urwanko, agasuzuguro gakomeye canke agashinyaguro biganisha k’umuntu canke umugwi. Gutukana gufise uturanga kuranyuranyije n’amategeko.

Utwo turanga ni utu:

  • Ibara ry’uruhu
  • idini
  • Kuryamana kwabahuje igitsina
  • Kuba usa n’abagore kandi ufise igitsina gabo canke usa n’abagabo kandi ufise igitsina gore
  • Kuba ufise SIDA (HIV).

Igikorwa cose kibereye kumugaragaro kiganisha canke gitera ukwinubwa gukorewe umugwi w’abantu kubera ibara ry’urukoba rwabo, ukwemera kwidini kwabo canke kubabinjiye mw’idini ryabo, igitsina bakunda, akaranga gitsina, gukunda ibitsina vyose canke kugira SIDA n’ubugarariji buhanwa n’amategeko bugomba kurungikwa ku nyamiramabi.

Ihohoterwa

Nimba ufashwe nabi kuko widoze (canke ufise intumbero y’ukwidoga) kubera ivangura canke kubera ko watanze amakuru canke ivyemeza kuvyerekeye ivangura, ibi vyitwa ihohoterwa. Ihohoterwa riranyuranyije n’amategeko muri New South Wales.

Wokora iki nimba ukorewe ivangura

Akura Anti-Discrimination NSW (Kurwanya Ivangura NSW) enquiry service kuri 02 9268 5544 canke kuri 1800 670 812, canke rungika imeyire kuri adbcontact@justice.nsw.gov.au. Urashobora kuduhamagara niyowoba utazi neza ko ivyagushikiye bitandukanye n’amategeko canke nimba wipfuza kuronka amakuru yerekeye amategeko arwanya ivangura muri NSW.

Nimba wahuye n’ivangura, guhohoterwa gushingiye kugitsina canke gutukwa ukaba wipfuza kwidoga biciye mu mategeko kubera umuntu canke sosiyete utishimiye, turagusavye ukoreshe ifomu yacu yokwidoga.Urashobora kwandika kwidoga kwawe mu rurimi ushaka, tuzohindura kwidoga kwawe mu congereza atamahera utanze.Rungika ifomu yawe yokwidoga kuri imeyire complaintsadb@justice.nsw.gov.au. Nimba ari ibikomeye kuri wewe kwandika kwidoga kwawe, urashobora kuduhamagara tukayaga nawe ibindi bishoboka kugira udushikirize kwidoga kwawe.

Nimba ukeneye umusiguzi kugira ushikire kimwe mu bikorwa vyacu, turagusavye, hamagara Translating and Interpreting Service (Igikorwa Gihundura kikanasigura) kuri 131450 hanyuma usabe bakwakurire Anti-Discrimination NSW (Kurwanya Ivangura NSW) kuri 02 9268 5544.

Nimba ukeneye ubufasha kuvyerekeye amategeko, akura Law Access (Gushikira itegeko) kuri 1300 888 529.

Nimba wavanguwe canke watutswe ivyo n’ubugarariji, turagusavye uhamagare imyamiramabi NSW.

Bigenda gute iyo ushikirije Anti-Discrimination NSW (Kurwanya Ivangura NSW) kwidoga kwawe?

Akazi kacu ni ukugufasha hamwe n’urundiruhande kugira uronke inyushi. Igihe turonse kwidoga kwawe bisa naho habaye ikintu gitandukanye n’amategeko, kwidoga kwawe tuzokujana ku rwego rukurikira.

Tuzoguhamagara kuri terefone canke tuzokwandikira ikete mu kiringo c’indwi zibiri duhejeje kuronka kwidoga kwawe.Igihe tuyaga nawe, turashobora kukubaza ayandi makuru dukeneye.Tuzihweza ingene dupanze gukemura kwidoga kwawe.

Umuntu utuma widoga y’itwa ubajijwe.Tuzorungikira ubajijwe ikopi yokwidoga kwawe hamwe n’ikete riva kuri twe risigura itegeko ritubashwe. Ubajijwe azogira amahirwe yogutanga inyushi.

Nimba ibi bidatatuye amatati, turashobora kugira inama hagati yawe n’ubajijwe. Ico twita konferanse y’ukunga. Kunga n’akaryo kumpande zose kuza hamwe bihweze ingene y’ugutatura kwidoga.

Ntabwo dushobora guhengama canke kuguha impanuro yerekeye ivyamategeko.Nimba tudashoboye gutatura amatati, urashobora gutwara kwidoga kwawe kuri NSW Civil and Administrative Tribunal (Urukiko rwa NSW rwihweza ibibazo bito bito vya baturage.

Pakurura ifomu yo kwidoga

Last updated:

24 Jan 2024

Was this content useful?
We will use your rating to help improve the site.
Please don't include personal or financial information here
Please don't include personal or financial information here

We acknowledge Aboriginal people as the First Nations Peoples of NSW and pay our respects to Elders past, present and future. We acknowledge the ongoing connection Aboriginal people have to this land and recognise Aboriginal people as the original custodians of this land.

Top Return to top of page Top